You are on page 1of 4

KwIsoko ryUbuzima

mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail:sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd

" ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)


Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ryImana mu misa no mu buzima

Igiciro:100Fr 47/12

18/11/2012

IDOMI IKA YA 33 YO MU MWAKA UMWAKA-B

Uguherekeza abitavyimana.
Abakera batari bwategere izuka rya Yezu ni bo bavua ngo agapfuye kabazwa ivu. Yamara Tereza wumwana Yezu mu gihe co gucikana yabwiye abari hafi yiwe ngo: Maze gupfa nzobarungikira imvura yamashurwe. Yashaka kuvuga ingene azobandanya akorera ivyiza abantu amaze gupfa. Mu gihe cindwano i Bulaya, igihe abakomunista bahama abapatiri, barafashe abapatiri 87 babajana kubica; mu kuremesha abandi bamwe muri abo bavuga bati: tihagire uwugira ubwoba, ngo mu mwanya muto bagiye guhura na ya Mana yabakunze nabo bakayikundira . Ubu abo bose Papa Benedigito yabashize mu bahimbazwa bari mwijuru. Yezu na we nyene mu kuremesha abatumwa biwe, yababuriye izuka ryiwe. Amaherezo yuwapfuye ni mwijuru, si icobo. Uwapfuye tuba tumuherekeje neza cane cane iyo tumusabiye ku Mana. Mpora mbona abantu bamwe baherekeza uwapfuye ariko ntibinjire mwisengero ngo bamusabire; bakamutegera bamujana mu cobo, bakiyumvira ko bamuherekeje bikwiye. Abadasabira abitavye Imana, ntibazi ko Imana ariyo maherezo yubuzima bwabo, ntibazi guha Imana ikibanza gikwiye. Nico gituma urugero abantu berekana mu gusabira abitavye Imana rwerekana aho bageza mu kwemera Imana. Urupfu nurwa twese, ntawuzorusimba. Basomyi, ni mwirabire ingene Fransisiko wa Azisi ayaga ivyerekeye urupfu ati: Urakaninahazwa Mukama Mana yanje, kubera mushiki wacu urupfu rwumubiri; kuko atawushobora kumuhunga ngo amusige! Aragowe uwo muntu apfira mu gicumuro. Barahiriwe abo bose urupfu ruzosanga bagendera mwishaka ryImana! Kuko urupfu rwa kabiri ataco ruzobagira. Ese natwe twomenya guherekeza abitavye Imana mu kubasabira, tukamenya no kuremesha ababuze ababo twishimikije ukwemera kwacu.

Twibuke abacu bitavye Imana, kandi natwe twitegure.


Abapfuye ariko bakirindiranye igishika umusi wurukiza rwabo baradusabira, barahereza ububabare bwabo ku bwacu. Ariko ntibashobora kwisabira, kandi ntibashobora kuja mu bunywanyi bwumwuzurira hamwe nImana, badaheje igihe cityororwa ryabo nkuko Imana yagishinze. Ibisabisho vyacu ni vyo bibatezurira ububabare, bikabakura umwandu wibicumuro nutundi tunenge twose bapfanye, bikabagabaniriza nikiringo bomaze mwiyishuriro. None rero ntiduhengeshanye kubasabira, cane cane mu kubasomeshereza imisa no kubavugira agashapure. Na twebwe nyene ntitwisamaze, ngo twiyibagire. Muri iyi si turi mu rugendo rutoroshe. Umusi uri izina, Imana izoturengutsa. Twame twishikana ku Muvyeyi wacu Bikira Mariya, aduherekeze mu rugendo, na cane cane azodufashe kurumarira neza. Kuri urya musi wa rwo, azodutwikirize umutamana wiwe, atwakirize ibiganza vyiwe, aheze adutware kwa Yezu. Kanatsinda, iyo tuvuga ishapure, duheraheza Mwaramutse Mariya tuvuga tuti: Mariya Mweranda nyina wImana, dusabire twebwe bononyi, ubu numusi tuzopfa . Erega tubwira Umuvyeyi atica amatwi, yumvirizanya igishika ico umwana amusaba. Ni muze lero ntiduhengeshanye gutegura neza ugutaha kwacu, turi mu minwe yUmuvyeyi wacu Bikira Mariya. Ese ingene biryoshe gupfira mu maboko yUmuvyeyi wacu twarazwe na Yezu. Ese ingene ico gihe kizoba ciza ku wuzoba yiteguye neza: Uburuhe, amarira, agahinda bizoba biheze.

TWUMVIRIZE IRYO IMA A ITUYAGIRA


IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA IGISOMWA CA MBERE: Daniyeli 12, 1 3. Izuka ry'abapfuye. Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi Daniyeli: Jewe Daniyeli numvise iri jambo ryUmukama, Umunsi umwe, Mikaeli, umukuru wabamalayika, azohaguruka, niwe ahagarikiye igihugu canyu. Hazoba urwimo rutari bwaboneke, kuva aho intara zibereyeho. Ariko ico gihe, igihugu canyu kizorokoka, ukuvuga abanditswe bose mu gitabu c'Imana. Benshi mu bazoba basinziriye mu kuzimu bazokwikangura, bamwe bikangurire ubuzima bwamaho, abandi bikangurire kumaramara no guteterwa imyaka nimyaka. Abitonzi bazosayangana nkizuba ryo ku mutaga; abazoba babaye intungane mu makungu bazoca ibibatsi nkinyenyeri imyaka nimyaka. IGISOMWA CA KABIRI: Abah.10, 11-14-18. Yezu Kristu yarahereje inkuka imwe rudende. Ivyo dusoma mwibaruwa ryandikiwe Abahebreyi: Mwisezerano rya kera, umusaserdoti wese yahora aja gusenga mu gisengero; inkuka atasiba guhereza zma ari za zindi, kandi ntizishobore gukura ibicumuro namba. Ariko Yezu Kristu we, aho amariye guhereza inkuka imwe rudende yibicumuro, yaciye avyagira iburyo bwImana ubutakihava, arorereye igihe abansi biwe bazoshirwa munsi yibirenge vyiwe bamubere intebe. Erega, iyo nkuka imwe rudende niyo yatumye abemeye kugabirwa na we ubweranda, bagashikira ubutungane ubutacisubirako. iho rero muzobona Umwana wumuntu aje mu bicu afise inganji nubuninahazwa bwinshi. Azoheza arungike abamalayika biwe gukoranya abatowe mu nkiko zose zisi, iyo isi nijuru biva bikagera Muvukanyi, ndaguhaye bwakeye kandi ndakwipfurije ikaze ngo tuzirikanire hamwe iri jambo ryImana ryerekeye hanini Umuzo wUmukiza ku muhero wisi. Muri iyi misi yImana isozera umwaka wAmasabamana, Ekleziya idutegurira ijambo ryImana ryerekeye cane cane ivyumuhero wisi, nibimenyetso bizobanza kwibonekeza. Ico dusabwe ni ukwama turi maso, ni ukwama tugavye ngo uyo musi ntuze utugweko giturumbuka ataco twiteguriye. Yezu, atubwira ati: Umusi warwo be nisaha, nta numwe awuzi, nta nAbamalayika bari mwijuru, nta na Mwana nyene, Data musa ni we abizi. Umukristu rero ahamagariwe kuguma agavye. Mu gitabu cUmuhanuzi Daniyeli, harimwo ibi Imana yamuhishuriye, ko hari umusi, umusi utazwi ariko uzobaho, aho Mikahili, Umumalayika mukuru azohaguruka, we ahagarikiye igihugu canyu. Ngo hazoba urwimo rutari bwaboneke kuva aho intara zibereyeho. Imana ivuga iti: Ariko igihugu canyu kizorokoka . Ni ukuvuga abanditswe mu gitabu cImana. Benshi mu bazoba basinziriye mu

Iyo ikigongwe kibonetse, nta nkuka yibicumuro iba igikenewe. INKURU NZIZA: Marko 13, 24-32 Muzobona Umwana wUmuntu aje mu bicu Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Marko: Umunsi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe, ati: Muri nya minsi, ayo marushwa mvuze ahavuye, izuba rizodegera, ukwezi ntikuzoba kukibonesha, inyenyeri zizokoragurika, ziva kw'ijuru, ububasha bw'ijuru buzonyiganyiga. iho rero muzobona Umwana wumuntu aje mu bicu afise inganji nubuninahazwa bwinshi. Azoheza arungike abamalayika biwe gukoranya abatowe mu nkiko zose zisi, iyo isi nijuru biva bikagera hose. Igiti cifigiye cobibagereraniriza. Iyo amashami yaco atoshe, amababi akanaga, muca mumenya ko iremba riri hafi. iko kw'uko, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muramenya ko Umwana w'umuntu yashitse, ari kw'irembo. 'ukuri ndabibabariye uru rwaruka ntiruzohera, ivyo vyose bitarba. Ijuru n'isi bizoteba bihere, yamara amajambo yanje ntazohera. Ariko umunsi warwo be n'isaha, nta n'umwe awuzi, nta n'abamalayika bari mw'ijuru, nta na Mwana nyene, Data musa niwe abizi. kuzimu bazokwikangura, bamwe bikangurire ubuzima bwamaho, abandi bikangurire kumaramara no guteterwa imyaka yose. Ngo abitonzi bazosayangana nkizuba ryo ku mutaga, abazoba babaye intungane mu makungu bazoca ibibatsi nkinyenyeri imyaka nimyaka. Umuntu ntiyirigwa aribaza abo Imana ivuga aha ivuga ngo igihugu canyu. Ni abo bantu bakunze Imana, bakayubaha, bakagendera mu mategeko yayo, bakayikorera, bakaba intungane. Harimwo amajambo aryoshe cane ngo Abitonzi, bamwe Yezu avuga ko bazotorana isi, bazosayangana nkizuba ryo ku mutaga, abazoba babaye intungane mu makungu na bo bakazoca ibibatsi nkinyenyeri imyaka nimyaka. Iri jambo ritwuzuza umwizero, ritwuzuza ukwizigira. Imana ni yo ifise ijambo rya nyuma kandi yaturemeye ubuhirwe kumwe na Yo, naho tuguma tubona ibimenyetso biteye ubwoba kwisi, kandi atari ivyo muri ibi bihe gusa. Nkako hirya no hino turumva abantu batikiye, batikijwe na nyamugigima, batikijwe numuyaga wigihuhusi usebuza ibiyaga, inyanza namabahari amato akibira, abantu bagasoma nturi, batikijwe nimisozi ibahomokerako bariko baracukura ubutare, batikijwe na kigoyi giturutse ku ruzuba rwaturiye imirima abantu bakarimarima. Hari nibindi vyago bishobora gushikira umuntu umwumwe mu bu-zima bwiwe, hari amageragezwa yerekeye umuntu, amageragezwa mu mibano yabantu, mu ngo, mu kazi nibindi Uyu musi twumva ko umuntu atazotirimuka mu kwememera nukwizigira vyiwe ari we azorokoka. Umuntu azoguma ari intungane atazoja

kuronderera ubukiriro ahandi atari ku Mana, uwuzokoresha ubwitonzi ngo abone iciza ari bukore, nikibi akizibukira, uwo ni we azosayangana nkizuba, agaca ibibatsi nkinyenyeri. Yezu yaraje, ariko abantu ntibabonye neza ibimenyetso bimwerekana ko ari we Mwana wUmuntu, Intumwa yImana nUmwana wayo bwite. Ni co gituma Yezu ari we kimenyetso ca nyuma Imana yahaye abantu. Yaraje kwisi arakora birashimwa, ashimisha Imana; yarakoze ibimenyetso bikiza, vyerekana ububa-sha bwiwe bukomoka ku Mana, yarabohoye abari mu ngoyi za sekibi. Izuka ryiwe ni ryo kimenyetso gikuru cuko ivyo Yezu yavuze, yigishije kandi yaranguye ari ivyukuri. Barahiriwe ababibonye bagaheza bakamwemera. Yezu adutumiriye ukwizigira aha avuga ati: Niko kwuko, na mwebwe nimwabona ivyo bishitse, muramenya ko Umwana wUmuntu yashitse, ari aho kwirembo. Iryo remba rivugwa ni umuzo mu buninahazwa bwUmwana wImana ku muhero wisi, aje guha impera yijuru abamwemeye bakamwigana mu nzira yubutungane, bakarondera kuba beranda nkuko Data wo mwijuru ari mweranda, bakaba abanyamahoro kandi bakarwanira amahoro, abarondeye gukorera Imana mu gukorera no

mu kuba hafi abantu ata gutandukanya ata kugira imigwi, abarwaniye umuntu namateka yiwe yose harimwo iteka rikuru ryubuzima, nibindi Ehe rero uyu musi, nitube nkabantu baraririye umuzo wumuntu ahambaye, ntihagire ikidusamaza. Ntitwibaze ngo ko ata muntu azi igihe nisango ivyo bintu bizoberako, tube turaryimara mu kurondera ibinezera umubiri wacu gusa twibagiye umutima ari wo uzotwagiriza imbere yUmushobora vyose kandi akaba nUmucamanza. Iyi si yububabare, yamarira, yurwanko, yububisha butagira izina, izoruhira guhinduka. Umukristu ahamagariwe kugira uruhara ngo ibintu bihinduke kuri iyi si. Ivyo bizoba yemeye Yezu Kristu, akamugamburukira, akemera kugenzwa na We, maze mu ngiro yiwe, mu buzima bwiwe biboneke neza ko Ubwami bwImana buriko burashinga imizi kwisi, niyahoza uwuriko ararira kubera ko abona ko inabi yakwiye kwisi, kubera ko ubutungane butagikurikizwa kwisi, kubera ko iyi si yagadutse ku kubura urukundo numwizero mu bantu. Uwo ni we azokwikangurira ubuhirwe, igihe abatemeye bagakurikiza inzira zishaka ryabo ritama rihuza nishaka ryImana bazokwikangurira ukumaramara. Patiri Misigaro Ildephonse.

dashingiye intahe Bikira Mariya agendera ingo.


Jewe nahora ntangura gusoma ishapure, ukamenga ntanguye kwurira imisozi miremire nka Gisase canke Mboza. Ariko maze kwakira isanamu ya Bikira Mariya agendera ingo, naramuraba nkumva akanyamuneza, ngaca ntangura kugira isoni zo gukora ico cose comushavuza. Itiro nubunebwe nahora ngira ndiko ndavuga ishapure vyaciye bihera. Ivyo nkabikesha Bikira Mariya ubwiwe aciye ku batumwa biwe bintungane twari tugoranywe mwibohero rya Mpimba muri paruwase Yezu Munyakigongwe; cane cane abo twabana muri kartiye, nka Ezekiyeri Nkurunziza yari arongoye ubwo butumwa. Muzomusabire abukomeze ko yatashe. Imana yaratwishuye, nishimwe na bose. Sipiriyano Nsengiyumva nawe ndamushimira cane mu bikorwa vyImana yaguma akorana ubwitonzi turi kumwe, bikampa amahoro menshi. Naho atarataha, nareme; ndumva ko akomeza ubutumwa yatorewe, nanje nsubiriye kumwemerera ko amatariki yigisabisho cimisi icenda twavuganye kandi twemeranije ntazigera ndayacererwa. Mumfashe namwe tumusabire atahe, nizeye ko azotaha bidatevye. Nibahezagirwe. Ababikira bagumye batwihebera, nabo nyene ndabashimiye, ni bahezagirwe. Nkuko Bikira Mariya yagamburukiye Yezu aho yamuturaga ari ku musalaba ati: guyo umwana wawe, na twebwe ni tumugamburukire kuri rya jambo yaturaga ati: nguyo nyoko wawe. Tumutahane iwacu. Abakristu ni twashira hamwe twese tugateza imbere ikinyamakuru kwisoko ryubuzima tukakimenyekanisha mu ma paruwasi no mu bisata vyose, ijambo ryImana rizoyagwa gusumba. Ni mugire Yezu na Mariya kandi ni baninahazwe mu myaka yose. Twambaze aberanda badusabire kwuzura Mutima Mweranda nka Bikira Mariya . Iyo mu ngo zacu haba havugigwa ishapure, igisharara curukundo ruri hagati yingo zacu na Bikira Mariya nico kiba gica cibonekeza. Yohani Pozobon ntiyatinya imvura nigikonyozi mu kuja kumenyesha ubwiza nurukundo vya Bikira Mariya mu bantu bose, abasaba ngo bemere kwakira isanamu yiwe mu ngo zabo ngo bibe ikimenyetso co kumwakira nukumuha ikaze nicubahiro, hamwe na Yezu Umwana wiwe. Mwebwe naterereje igisabisho, ni mukintumberereze aho nyene; mudusabire twese dukunde rozari, na vya vyibukiro vyayo 20. Twakire Bikira Mariya agendera ingo, tuzoharonkera inema nyinshi. Wakiriye Bikira Mariya uba wakiriye na Yezu ugaca umotera neza aberanda nabo kandi bakagufasha igisabisho cawe kikamotera neza Imana. Martino Biregeya tutinye. Yezu yaratoye abatumwa ngo bamuherekeze mu butumwa bwiwe. Igihe yari i Nazareti yaragenda mwisinagoga gusenga hamwe nabandi ku musi wisabato. Mbere agafata nijambo asigura ivyanditswe. Ijambo yavuga ryari ryuzuye ububasha nubukuru vyImana, abantu bagakogwako, abandi bakiyagiriza. Abandi nabo bati: Mbega urya wewe atwigisha nka nde? Si wa muhungu tuzi, suwo kwa Yozefu umubaji na Mariya? Ivyo vyashikiye Yezu vyarashikiye nabahanuzi baje imbere yiwe: biragoye ko abantu bemera umuhanuzi wo mu kibano. Abarundi bati: ikibano kirakengereza. Ubwo tweho ivyo ntibihora bidushikira? Kubwibatisimu twaronse, twararonse ubutumwa bwo gushikiriza inkuru nziza. Ariko hari igihe tugira ubwoba. Hari igihe bitugora kwakira inkuru nziza kuko tuyishikirijwe nabantu twama tubona, tumenyereye, tubana. Hari igihe tuvuga canke tukibaza tuti: Abo ni ba nde kugira ngo batwigishe? badusumvya iki? Hari igihe tuzibukira ukuri dushikirijwe nabo dusanganywe, ahandi naho tukagira nubwoba bwo gushikiriza abandi inkuru nziza twumvise. Dukundire Yezu adukoreko, twihweze kandi dutangarire ingene yaciye bugufi akagira ubutwari, ntatinye kurangura ubutumwa bwo kumenyesha isi ukuri nurukundo vyImana. Supplment Pelerin 5/7/2012

Dushemeze Imana ku munsi ku munsi


18/11 19/11 20/11 21/11 22/11 23/11 24/11
D 33 Ord- B Dan12,1-3

L Matilida M Edmond

Zab15,5na 8.9-10.11 Ijuru nisi bizozimangana, yamara amajambo yanje ntazohera Heb10,11-14.18 Mk13,24-32 Ivyah1,1-4;2,1-5a Zab1,1-2.3-4a,4b-6 Ushaka ko nkugirira iki? awe ati : ko nobona Mukama! Yezu Lka 18,35-43 aramwishura ati : igire, ukwemera kwawe kuragukijije
Ivyah3,1-6.14-22 Zab 14,2-3ab.3cd-4ab.5

Zake, ururuka ningoga kuko uyu musi ndamutse ndara iwawe. Mbere ko wagize umwete mu bintu bidahambaye, ubu nkugize umutware wibisagara cumi Yezu amaze kwegera, ngo abone igisagara, arakiririra ati : Oooo! ese nawe womenya muriki gihe icokuznira amahoro Ingoro yanje izoba ingoro yugusengeramwo; mweho mwayigize uburumba bwabasuma Si Imana yabapfuye, ni Imana yabazima, kuko bose bari bazima kuri yo.

Lka 19,1-10 M Iherezwa rya Ivyah 4,1-11 Zab 150,1-2.3-4.5-6 B. Mariya Lka 19, 11-28 Ivyah 5,1-10 ; Zab 149,1-2.3-4.5-6a na 9b J Sisiliya Lka 19,41-44 V Klementi S Alberto Ivyah 10,8-11
Zab 118,14.24.72.103.111.131 Lka19,45-48

Ivyah 11,4-12 ; Zab 143, 2.2.9-10 Lka 20,27-40

Umucumuzi si uwo gutera ivyatsi.


Kuri iyi si tubamwo, tubona ibintu vyinshi. Hari ibinezereye, hari ibibabaza abantu nibindi vyinshi biryohera amaso. Ivyo vyose rero biratuma abantu bata ukwemera, bagacumura. Bamwe bariba abandi bakaja mu buhumbu, bakica, bakaragura nayandi mabi menshi ashobora gucafuza umuntu. Ariko rero abo bakora ivyo vyose ntakubatera ivyatsi, ahubwo nukubasabira bagahinduka bakagaruka ku Mana. Kandi be nuyo muntu iyo yigaruye, ahinduka ubutacisubirako. Imana nayo iraheza ikamwakirana igishika nakanyamuneza kenshi. Umucumuzi si uwo guheba, nukumugendera ukamusabira naho yoba iyo Mana atayemera, ico gisabisho cawe kiraruha kikagira akamaro agahinduka. Hari abagabo bari karuhariwe mu kwiba bakaba bari bafise nuwubarongora. Bakoze ubwo bubisha kera ibintu vyabandi barabitembeje, bararuha barafatwa babashira mwibohero. Niho rero umurwi babasenga cane babagendera aho mu mwibohero. Baratangura barigisha bababwira ko Yezu abakunda yaje kubagendera. Nabo barenza induru hejuru bavuba bati: Mbega ivyo muvuga ni ibiki? Uwo Yezu muvuga we ni igiki? i mugende reka kuduhenda. Ba bantu baja kubatemberera baravugana bati: one ko banse kutwumviriza, batemera ivyo turiko turababwira, ikindi twogira ni igiki? Mugabo bakaba bari batwaye ibitari ningoma baza kuvuza, baca bavugana bati: Reka tugume turirimba tuvuze ingoma nibi bitari turabe hoho ingene bigenda. Baca baguma baririmba batamba. Vyakabaye kera wa mukuru wa vya bisuma nawe araruha aratangura kuririmba atamba aryohewe na ya ngoma na ca gitari. Bamwe bagenziwe ngo bamubone ingene ariko araririmba atamba nabo baca baratangura baratamba bararyoherwa cane. Hanyuma haheze umwanya haca haza umupatiri aca ababwira ati: Abashaka kwirega bose ni baze. Nabo batangura kubazanya bavuga bati: one twirega iki ko uno munsi tutari twabiteguye. Kandi twacumuye vyinshi ntitubona ivyo twokwirega nivyo twosigaza. Babandanya baririmba batamba. Uwo mu patiri arongera aragaruka ababwira ati: Abashaka kwirega ni baze ndabarindiriye nicaye hariya. Wa mukuru wabo araruha aragenda kwirega. Bamwe bandi nabo ngo babone umukuru wabo aragiye, baca bavuga bati: Ko numukuru wacu agiye kwirega reka na twebwe tugende nta ngorane. Baca baguma bagenda umwumwe bose barahera. Bahejeje kwirega baciye barushirizaho kuririmba batamba buzuye akanyamuneza basenga bongera baninahaza Imana. Umukuru atwara iryo bohero avyitegereje ingene bahindutse aca avuga ati: Iyo abacungera amabohero bose bari bazi kuvuza ibitari, abapfunzwe bose bohindutse. Baca baha uruhusha uwo murwi babasenga rwo kugendera amabohero yose yo muri ico gihugu kugira ngo nabo bahinduke. Murumva rero ko umucumuzi atari uwo gutera ivyatsi, naho aba yaracumuye ibingana iki ashobora guhinduka agasubira mu ruhongore rwImana. Izina rya Yezu rero nukurishingira intahe ko rikiza. Yezu niwe musa mahoro yacu. Igifise akamaro rero si ugutunga ivyo kwisi ivyarivyo vyose canke si ukubigwiza, ahubwo ni ukubikengera kandi ni ukureka kubishiramwo umutima. Erega, ntugire ngo mvuga itunga namafaranga gusa, ico mvuga kandi ni iteka barondera be nininahazwa ryubusa bahahamira, ivyo vyose bigashira hamwe nivyo kwisi. Nta buruhukiro bwumuntu adafise ubwira bwumutima; bisubiye, amahoro arondererwa inze ntazoramba cane, kuko umutima ataco wegamiye nukuvuga ko utaba unyiyegetseko; urashobora guhinduka, ariko nta karusho ushobora kubona. Na kare, uzohava ukwegwa nakaje karamana, maze ico wari wahunze ukaba arico uzobona canke ukabona nibiri hanyuma. ( Igitabu cUkwigana Yezu p.166) DUCISHEMWO DUTWE GE: Umukoresha umwe kirimwo amazi, ikindi kirimwo Whisky. Araheza afata yagize gurtya arabukwa umukozi wiwe imisiba mizima ibiri, umwe awushira mu mazi Samandari agire aheze kwirenza ikirahuri ubandanya ufise ubuzima, uwundi awushira muri cakayoga gakaze kitwa Whisky, aca yiyuWhisky uca urigorora, uba urasezeye isi. Niko kumvira kumuha impanuro. Yaciye yakura baza Samandari ati: Ivyo ubonye, biguhaye iciSamandari aramujana ahantu hiherereye ngo bashobore gwa ikihe? Samandari ati: Binyeretse ko ndamutse kuyaga atakibakomakoma. Uwo mukoresha yagiye nyoye aka kayoga ntazosubira kurwara inzoka zo mu kubonana na Samandari yitwaje ibirahuri bibiri, kimwe nda . Mpebeye Dieudonn

You might also like