Professional Documents
Culture Documents
mu muryango wabakristu
Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 927461
E-mail:sokoryubuzima@yahoo.fr Site: www.isokoryubuzimaburundi.fr.gd
Igiciro:100Fr 47/12
18/11/2012
Uguherekeza abitavyimana.
Abakera batari bwategere izuka rya Yezu ni bo bavua ngo agapfuye kabazwa ivu. Yamara Tereza wumwana Yezu mu gihe co gucikana yabwiye abari hafi yiwe ngo: Maze gupfa nzobarungikira imvura yamashurwe. Yashaka kuvuga ingene azobandanya akorera ivyiza abantu amaze gupfa. Mu gihe cindwano i Bulaya, igihe abakomunista bahama abapatiri, barafashe abapatiri 87 babajana kubica; mu kuremesha abandi bamwe muri abo bavuga bati: tihagire uwugira ubwoba, ngo mu mwanya muto bagiye guhura na ya Mana yabakunze nabo bakayikundira . Ubu abo bose Papa Benedigito yabashize mu bahimbazwa bari mwijuru. Yezu na we nyene mu kuremesha abatumwa biwe, yababuriye izuka ryiwe. Amaherezo yuwapfuye ni mwijuru, si icobo. Uwapfuye tuba tumuherekeje neza cane cane iyo tumusabiye ku Mana. Mpora mbona abantu bamwe baherekeza uwapfuye ariko ntibinjire mwisengero ngo bamusabire; bakamutegera bamujana mu cobo, bakiyumvira ko bamuherekeje bikwiye. Abadasabira abitavye Imana, ntibazi ko Imana ariyo maherezo yubuzima bwabo, ntibazi guha Imana ikibanza gikwiye. Nico gituma urugero abantu berekana mu gusabira abitavye Imana rwerekana aho bageza mu kwemera Imana. Urupfu nurwa twese, ntawuzorusimba. Basomyi, ni mwirabire ingene Fransisiko wa Azisi ayaga ivyerekeye urupfu ati: Urakaninahazwa Mukama Mana yanje, kubera mushiki wacu urupfu rwumubiri; kuko atawushobora kumuhunga ngo amusige! Aragowe uwo muntu apfira mu gicumuro. Barahiriwe abo bose urupfu ruzosanga bagendera mwishaka ryImana! Kuko urupfu rwa kabiri ataco ruzobagira. Ese natwe twomenya guherekeza abitavye Imana mu kubasabira, tukamenya no kuremesha ababuze ababo twishimikije ukwemera kwacu.
Iyo ikigongwe kibonetse, nta nkuka yibicumuro iba igikenewe. INKURU NZIZA: Marko 13, 24-32 Muzobona Umwana wUmuntu aje mu bicu Ivyo dusoma mu Njili nyeranda yanditse Marko: Umunsi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe, ati: Muri nya minsi, ayo marushwa mvuze ahavuye, izuba rizodegera, ukwezi ntikuzoba kukibonesha, inyenyeri zizokoragurika, ziva kw'ijuru, ububasha bw'ijuru buzonyiganyiga. iho rero muzobona Umwana wumuntu aje mu bicu afise inganji nubuninahazwa bwinshi. Azoheza arungike abamalayika biwe gukoranya abatowe mu nkiko zose zisi, iyo isi nijuru biva bikagera hose. Igiti cifigiye cobibagereraniriza. Iyo amashami yaco atoshe, amababi akanaga, muca mumenya ko iremba riri hafi. iko kw'uko, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muramenya ko Umwana w'umuntu yashitse, ari kw'irembo. 'ukuri ndabibabariye uru rwaruka ntiruzohera, ivyo vyose bitarba. Ijuru n'isi bizoteba bihere, yamara amajambo yanje ntazohera. Ariko umunsi warwo be n'isaha, nta n'umwe awuzi, nta n'abamalayika bari mw'ijuru, nta na Mwana nyene, Data musa niwe abizi. kuzimu bazokwikangura, bamwe bikangurire ubuzima bwamaho, abandi bikangurire kumaramara no guteterwa imyaka yose. Ngo abitonzi bazosayangana nkizuba ryo ku mutaga, abazoba babaye intungane mu makungu bazoca ibibatsi nkinyenyeri imyaka nimyaka. Umuntu ntiyirigwa aribaza abo Imana ivuga aha ivuga ngo igihugu canyu. Ni abo bantu bakunze Imana, bakayubaha, bakagendera mu mategeko yayo, bakayikorera, bakaba intungane. Harimwo amajambo aryoshe cane ngo Abitonzi, bamwe Yezu avuga ko bazotorana isi, bazosayangana nkizuba ryo ku mutaga, abazoba babaye intungane mu makungu na bo bakazoca ibibatsi nkinyenyeri imyaka nimyaka. Iri jambo ritwuzuza umwizero, ritwuzuza ukwizigira. Imana ni yo ifise ijambo rya nyuma kandi yaturemeye ubuhirwe kumwe na Yo, naho tuguma tubona ibimenyetso biteye ubwoba kwisi, kandi atari ivyo muri ibi bihe gusa. Nkako hirya no hino turumva abantu batikiye, batikijwe na nyamugigima, batikijwe numuyaga wigihuhusi usebuza ibiyaga, inyanza namabahari amato akibira, abantu bagasoma nturi, batikijwe nimisozi ibahomokerako bariko baracukura ubutare, batikijwe na kigoyi giturutse ku ruzuba rwaturiye imirima abantu bakarimarima. Hari nibindi vyago bishobora gushikira umuntu umwumwe mu bu-zima bwiwe, hari amageragezwa yerekeye umuntu, amageragezwa mu mibano yabantu, mu ngo, mu kazi nibindi Uyu musi twumva ko umuntu atazotirimuka mu kwememera nukwizigira vyiwe ari we azorokoka. Umuntu azoguma ari intungane atazoja
kuronderera ubukiriro ahandi atari ku Mana, uwuzokoresha ubwitonzi ngo abone iciza ari bukore, nikibi akizibukira, uwo ni we azosayangana nkizuba, agaca ibibatsi nkinyenyeri. Yezu yaraje, ariko abantu ntibabonye neza ibimenyetso bimwerekana ko ari we Mwana wUmuntu, Intumwa yImana nUmwana wayo bwite. Ni co gituma Yezu ari we kimenyetso ca nyuma Imana yahaye abantu. Yaraje kwisi arakora birashimwa, ashimisha Imana; yarakoze ibimenyetso bikiza, vyerekana ububa-sha bwiwe bukomoka ku Mana, yarabohoye abari mu ngoyi za sekibi. Izuka ryiwe ni ryo kimenyetso gikuru cuko ivyo Yezu yavuze, yigishije kandi yaranguye ari ivyukuri. Barahiriwe ababibonye bagaheza bakamwemera. Yezu adutumiriye ukwizigira aha avuga ati: Niko kwuko, na mwebwe nimwabona ivyo bishitse, muramenya ko Umwana wUmuntu yashitse, ari aho kwirembo. Iryo remba rivugwa ni umuzo mu buninahazwa bwUmwana wImana ku muhero wisi, aje guha impera yijuru abamwemeye bakamwigana mu nzira yubutungane, bakarondera kuba beranda nkuko Data wo mwijuru ari mweranda, bakaba abanyamahoro kandi bakarwanira amahoro, abarondeye gukorera Imana mu gukorera no
mu kuba hafi abantu ata gutandukanya ata kugira imigwi, abarwaniye umuntu namateka yiwe yose harimwo iteka rikuru ryubuzima, nibindi Ehe rero uyu musi, nitube nkabantu baraririye umuzo wumuntu ahambaye, ntihagire ikidusamaza. Ntitwibaze ngo ko ata muntu azi igihe nisango ivyo bintu bizoberako, tube turaryimara mu kurondera ibinezera umubiri wacu gusa twibagiye umutima ari wo uzotwagiriza imbere yUmushobora vyose kandi akaba nUmucamanza. Iyi si yububabare, yamarira, yurwanko, yububisha butagira izina, izoruhira guhinduka. Umukristu ahamagariwe kugira uruhara ngo ibintu bihinduke kuri iyi si. Ivyo bizoba yemeye Yezu Kristu, akamugamburukira, akemera kugenzwa na We, maze mu ngiro yiwe, mu buzima bwiwe biboneke neza ko Ubwami bwImana buriko burashinga imizi kwisi, niyahoza uwuriko ararira kubera ko abona ko inabi yakwiye kwisi, kubera ko ubutungane butagikurikizwa kwisi, kubera ko iyi si yagadutse ku kubura urukundo numwizero mu bantu. Uwo ni we azokwikangurira ubuhirwe, igihe abatemeye bagakurikiza inzira zishaka ryabo ritama rihuza nishaka ryImana bazokwikangurira ukumaramara. Patiri Misigaro Ildephonse.
L Matilida M Edmond
Zab15,5na 8.9-10.11 Ijuru nisi bizozimangana, yamara amajambo yanje ntazohera Heb10,11-14.18 Mk13,24-32 Ivyah1,1-4;2,1-5a Zab1,1-2.3-4a,4b-6 Ushaka ko nkugirira iki? awe ati : ko nobona Mukama! Yezu Lka 18,35-43 aramwishura ati : igire, ukwemera kwawe kuragukijije
Ivyah3,1-6.14-22 Zab 14,2-3ab.3cd-4ab.5
Zake, ururuka ningoga kuko uyu musi ndamutse ndara iwawe. Mbere ko wagize umwete mu bintu bidahambaye, ubu nkugize umutware wibisagara cumi Yezu amaze kwegera, ngo abone igisagara, arakiririra ati : Oooo! ese nawe womenya muriki gihe icokuznira amahoro Ingoro yanje izoba ingoro yugusengeramwo; mweho mwayigize uburumba bwabasuma Si Imana yabapfuye, ni Imana yabazima, kuko bose bari bazima kuri yo.
Lka 19,1-10 M Iherezwa rya Ivyah 4,1-11 Zab 150,1-2.3-4.5-6 B. Mariya Lka 19, 11-28 Ivyah 5,1-10 ; Zab 149,1-2.3-4.5-6a na 9b J Sisiliya Lka 19,41-44 V Klementi S Alberto Ivyah 10,8-11
Zab 118,14.24.72.103.111.131 Lka19,45-48